EconomyhomepagekirundiWorld News

USA : Ibiciro vy’igitoro vyakorotse ku rugero rutari bwigere ruboneka

Igiciro c’ibitoro muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika cakorotse cane ku buryo butari bwaboneke mu mateka y’ico gihugu.

Ivyo bituma abahingura ico gitoro biba ngombwa ko babanza kuriha abakirangura kugira ngo bakibakureko, ku gutinya ko mu kwa gatanu bashobora kubura n’aho bagishira.

Abagura igitoro baragabanutse cane rwose mu gihe ingingo zo kuguma murugo ahatandukanye kw’isi yose zatumye abantu baguma biyugaranye, vyatumye amahinguriro y’igitoro akodesha amatangi kugira ngo bashobore kubika ibitoro vy’umurengera.

Igiciro c’akagunguru muri West Texas Intermediate (WTI), ishinguro ry’igitoro ca Amerika, caramanutse kija musi y’amadorari 37.63 ku kagunguru.

Stewart Glickman, umushakashatsi wo mu kigo ca Amerika Center for Financial Research and Analysis (CEFRA) kijejwe kwihweza ibijanye n’amafaranga avuga ati: “Ibiriko biraba birasize ubwenge. Igabanuka ry’abakiriya ryararengeye ivyo abantu bashobora kuba bari biteze”.

Avuga ko mu gihe izi ngingo za “Guma murugo” zobandanya uko ziri bishobora gutuma ibiciro vy’igitoro no mu kwa gatandatu bibandanya bikoroka, agira ati: “Ni ukuri nta cizere mfise ko ibintu bishobora kworoha ku makompanyi adandaza igitoro canke ku biciro vyaco”.

Igisata c’igitoro kiri mu ngorane z’uko abagishaka bagabanutse kubera coronavirus hamwe n’ukutumvikana hagati y’ibihugu bisanzwe bicimbura.

Mu ntango za kuno kwezi, ishirahamwe OPEP/ OPEC rihuza ibihugu vyimbura igitoro hamwe n’ibihugu bicuditse vyarahavuye birashika ku masezerano yo kugabanya urugero rw’igitoro cimburwa gushika hafi ibice icumi kw’ijana (10%). Muri ayo masezerano bumvikanye ko urugero rw’igitoro cimburwa rugabanywa ku buryo butari bwigere bubaho.

Hagati aho, abahinga babona ko iryo gabanywa ata kintu kinini rizohindura. Stephen Innes ajejwe ubudandaji mu kigo Axicorp avuga ati:

“Ntivyafashe umwanya muremure kugira ngo abadandaza igitoro babone ko amasezerano yashitsweko na OPEP/ OPEC , uravye ingene ameze ubu, atazoshobora gutuma isoko y’igitoro isubira ku murongo”.

Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko Reta ishobora kugura igitoro gihingurwa muri ico gihugu, ariko amakenga ahari ni uko ububiko bwaco bushobora kurengerwa, mu gihe ububiko bw’ikompanyi Cushing, ikompanyi nkuru itanga igitoro muri Amerika, bwarengewe gushika ku bice 50% kuva mu kwa gatatu, nk’uko bivugwa n’ibanki ANZ.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758