BurundihomepagekirundiUncategorized

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n’abatari bake ko ari ishetani “Jini” bivanye n’ubwiza abonwako n’abatari bake kandi kandi nawe ubwiwe yibonako.

Mu kiganiro na kimwe mu binyamakuru vyo muri Tanzania, Uwo mukinyi w’amareresi yavuze ko iyo ari mu cumba ariko arisiga, yiraba mu kiyo, ngo nawe bihora bimutera ubwoba yibonyeko ubwiza afise. Ari naho haca hava iciyumviro co kwemezanya n’abandi ko ashobora kuba ari ishetani.

Ivyo akaba yabishikirije mu gihe agize igihe afatwa nk’ishetani n’abatari bake mu bagira ico bamuvuzeko ku mbuga ngurukanabumenyi. Ivyo bakabivuga bisunze ubwiza uwo muvyeyi w’umwana w’umuhungu afise. Uyu akaba aharurwa mu bakobwa beza igihugu ca Tanzania gifise.

Aha mukamenya ko Uwoya mu kiganiro yigeze gutanga mu mwaka uheze kuri imwe mu mboneshakure zo muri ico gihugu nyene, yamenyesheje ko akatari gake mu kwezi yoga amata. Ico abatari bake bafata nk’isakirirego.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 789