BurundiÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Uwuzobona uwurenganyijwe canke akarenganywa asabwa kubimenyesha igiporisi

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2020, ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi mu gisata c’ukwunguruza abantu n’ibintu bwaramutse bukoresha inama abakorera muri ico gisata hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubamenyesha ingingo zigiye gufatirwa abazorenza ibiciro canke bagapakira abantu barenze muri ino misi mikuru irangiza umwaka.

Mw’itangazo ryasomwe n’umunyamabanga ntayegayezwa Banigwaninzigo Jérémie, ubwo bushikiranganji busaba abunguruza abantu n’ibintu ibi bikurikira :

  1. Kutarenza abantu bagenewe kupakirwa muri buri modoka;
  2. Kutarenza umuvuduko mu ntumbero yo kugabanya amasanganya yo mw’ibarabara;
  3. Gutondesha ingendeshwa zabo uko ziba zishitse ku bituro vyazo;
  4. Kudata abantu mu nzira babashitse ku bituro bisanzwe bizwi;
  5. Gusaba abajejwe umutekano wo mw’ibarabara gufasha gushira mu ngiro izo ngingo.

Muri iryo tangazo nyene, Banigwaninzigo Jérémie yamenyesheje ko umuntu azoba arenganyijwe canke akabona uwurenganyijwe ko yoheza agahamagara ku nomero zitariha 413 agaheza akamenyesha iparati y’imodoka izoba irenze amategeko n’ikibanza izoba irimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765