BurundiEnvironnementhomepagekirundi

Uwuzofatwa ataye imicafu aho itagenewe azohanwa

Amasandugu 20 yo gutamwo imicafu (poubelles) niyo yashizwe, kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 12 Munyonyo 2020, mu bibanza 20 bitandukanye vyo muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura.

Uwurongoye iyo komine Rénovat Sindayihebura yamenyesheje ko ayo masandugu yakozwe ku ntererano y’abanyagihugu ingana n’amafaranga y’amarundi imiriyoni icumi na zibiri.

Renovat Sindayihebura atera akamo abanyagisagara kwijukira guta imicafu na cane cane amacupa atabora muri ayo masandugu ngo kuko abatazovyubahiriza bazofatirwa ibihano.

Hambavu yo gufasha gusukura igisagara ca Bujumbura kigume gisa neza, ivyo bisandugu ngo bizofasha kandi gukingira ibidukikije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764