EntertainmentIKIRUNDI_newskirundiUncategorized

Vichou love ngo Indirimbo agiye kurekura Vidéo yayigize ibanga

Nkuko twagiye turabibamenyesha mu makuru yacu Vichou love igenekerezo rya 5 Rusama 2022 niho yashize ahabona album yiwe ku mugaragaro izwi kw’izina rya Embargo, ikaba iboneka no kuri youtube yiwe.

Vichou Love Abakunzi b’umuziki w’ikibiriraho bamuhaye akazina ka (mkali wa Live)

Abamuheruka n’abo hagati mu gihugu,nko mu ntara ya Gitega aho kw’ igenekerezo rya 11 Ruheshi 2022 yabiciye biracika.

Akiva aho i Gitega yaciye yerekeza muri Dubaï aho yararindiranywe igishika mu giteramo cari gitegekanijwe igenekerezo rya 18 Ruheshi, aho i Dubaï
ntiyatevye igiteramo giheze yaciye afata iyihuta agaruka mu Burundi,ubu turiko turandika akaba ariho abarizwa.

 

None ngo ageze mu biki? Yatanze isango ryo kw’igenekerezo rya 24 /6 ko agiye gushira vidéo yiwe ahabona iri mu ndirimbo zigize album yiwe, ariko akaba adashima kuvuga indirimbo iyariyo ngo karacari akabanga,
ico asaba ni ukubandanya murindirindiriye Isango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 579