BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

VISA Kigingi yagiyeko ngo yoba yatanzwe na Marina umutambukanyi wiwe

Marina umutambukanyi wa Kigingi ngo yoba ariwe atumye aronka VISA. Ivyo uwo mukinyi w’amareresi atwenza akaba yabishikirije imbere yuko yurira indege. 

Uwo mukinyi uno musi abarizwa ku mugabane w’Uburayi, yavuze ko ritari irya mbere agerageza gusaba uruhusha rwo kuja ku mugabane w’Uburayi ariko ngo ntana rimwe vyari bwakunde.

Uwo mukinyi akaba mu kiyago yagiranye na Juste Gael yavuze ko ngo iyo VISA yaronse,yari ibaye incuro ya 10 aja gusaba urwo ruhusha, ariko incuro 9 zose akaba yarankiwe.

Mu gutwenza, uwo mugabo akaba yaciye avuga ko bishoboka ko Ari Imana kuko ngo haraho iyo agenda imbere, yari guhava atwara umugore akomoka muri Service, ngo ugasanga abayeho nabi kiko y’ama amurya amenyo kw’izosi.

Kigingi muri ico kiyago, akaba yasize avuze ko abantu bokwitega inkuru ziraba ibibera hano iwacu, ngo kuko arivyo yateguye.

Kigingi ngo ntiyari kwijana, ngo vyari biteguwe ko ajana n’abagenzi biwe nka Raoul na Valery ariko bo ngo ntibabashije kubemerera.

Bakaba bavuga ko Ari Ibisanzwe kuko nabo igihe kigeze ngo bazoheza bakaronka akaryo ko kujayo.

Mukibuka ko Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aheruka gushikiriza ko Mutima yimwe Visa imujana muri Leta zunze ubumwe za Amerika, Kandi yari yahamagaweyo gukora igiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775