East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier Kingorongoro

Wa musore yari yabeshe Wema Sepetu ko bazorushinga

Bugingo asubiriye gutora utuguvu inyuma y’ukurekurirwa gusubira gukora ibikorwa vy’amareresi muri Tanzania n’inyuma yaho, Wema Sepetu yavuze ku musore bifotozanya n’amabi yamukoreye.

Mu kiyago n’ikinyamakuru Ijumaa, uwo mwigeme yavuze ko yaciye mu bihe bikomeye kuva igisata kijejwe kugenzura abanyabuhinga muri Tanzania, BASATA, kimwugarurira ntasubire gukora igikorwa na kimwe.

Uwo mwigeme yavuze ko uwo musore bari bagize igihe bagendana, ngo yamubeshe ko bagiye kurushinga, noneho batangura kwitegurira urubanza.

Urwo rubanza rwanagunaguzwe mu binyamakuru bitandukanye muri tanzania, ntirwarirwo, ahubwo ngo yashaka kumunyaga utwiwe, kuko mu misi mikeya gusa ngo yaramaze kumutwara amafaranga arenga 64,000,000 z’amafaranga yo muri Tanzania.

Uwo mwigeme avuga ko ubu ariko atangura ubuzima bushasha, ariko kubwiwe ngo igiti nti kigukora mu jisho kabiri, kiba gishaka kurimena.

Mwomenya ko uwo mukinyi yaheruka kuvuga ko ata mukunzi afise muri kino gihe, kandi amaze amezi arenga 6 atazi icitwa umugabo, ngo yashimye kubanza kwanza kuvavanura n’ivyo, naho abamurondera batabuze. Ariko igihe nicagera ko asubira kuvyitwararika, avuga ko ata nkeka abantu bazomumenya uwariwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 552