BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Walete ya Natacha yashizwe ahabona

Inyuma y’amezi 4, umuririmvyikazi Natacha yashize ahabona Indirimbo yiwe nshasha, iyo nayo ikaba yahawe akazina ka Walete.

 

Iyo ndirimbo ija ikurikira indirimbo ikigori imaze kurabwa incuro zirenga 100,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube, ikaba Kandi ari imwe mu ndirimbo ziwe zavugishijr abatari bake.

Iyo ndirimbo Walete ikaba Kandi isohotse kuri uyu wa 3 mu gihe yari yamenyesheje ku mbuga asanzwe akoresha ko izosohoka kuri uyu wa 2.

Isohotse Kandi mu gihe uwo muririmvyikazi yaragize imisi ari ku minwa ya benshi kubera inkuru zitandukanye z’abafana biwe berekeje ku mugabane wa Burayi, aho vyavugwa ko ariwe yabarihiye, abandi nabo bakavuga ko atarivyo.

Iyo ndirimbo mu masaha 8 yakurikiye isohoka ryayo ku rubuga rwa YouTube, ikaba yarimaze kurabwa n’ababa 8000, abarenga 1300 nabo bagize Like, eka n’ama Commentaire arenga gato 300.

Mukamenya ko iyo ndirimbo yakorewe muri Tanzania, na Kwetu Studio, imwe mu mazu asanzwe amukorera amasanamu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760