kirundiMovies

#Warubizi?| Mayibobo: Ntibatahura ivyo turimwo mw’ireresi

Lionnel Bizindavyi niyo mazina yahawe n’abavyeyi akaba ari umukinyi w’amareresi azwi kw’izina rya Mayibobo.

 

Kuva 2008 amaze gukina amareresi ashika kuri 11 hagati yaho n’udukino dutandukanye duca ku mboneshakure y’igihugu(RTNB)mu murwi “Warubizi”.
Gukina ama reresi hano mu gihugu iwacu vyoba bifitiye akamaro abakinyi?

ku bwa Lionel ngo birafise akamaro ka nini, uretse ko bimuha uburyo bwo kwirwanako, n’inyigisho batanga biciye muri ayo mareresi zirafasha abazihabwa.

Nubwo bimeze uko, ntitubura abakibifata nkuko womengo n’imikino, kandi izo mpano zituma n’Uburundi bumenyekana mu makungu.

Nayo ngo ikibuze mu gihugu iwacu nuko abarundi batarategera ku rugero rw’ukwo baha agaciro bagakunda ivyabo, akaba ari naco abahanururira.

Yarangije ahamagarira abakunzi b’ama reresi ndundi kubandanya babatera intege mu kugura i reresi
”urugendo “part 3 iri kw’isoko.

Ikibazo uwariwe wese ashobora kwibaza ni mbega ukudakunda ivyacu vyoba arivyo bituma abanyabuhinga n ‘ubumenyi badatera imbere nkuko babivuga?

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 466