East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Wema Sepetu ngo yasigiwe umuvumo na Kanumba kubera gukurayo inda ziwe

Umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Tanzania Wema Sepetu aheruka gushikiriza ko Umuhisi Steven kanumba yamusigiye umuvumo. Ivyo akabivuga abifatiye yuko atagishoboye kugumana imbanyi, inyuma y’ukugendana nawe.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Simulizi na Sauti co muri Tanzania avuga ko uwo mwigeme uno musi ari mu barira kuko bashaka umwana yamenyesheje mu kiganiro yashize kuri App yiwe Wema App ko yakuyeyo inda zitari nke Steven Kanumba.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yavuze ko amaze yakuyemwo inda z’uwo mukinyi 2, ariko Kanumba akaba yamenyemwo 1 gusa. S’ico gusa kuko yanavuze ko iyo ya mbere yayikuyemwo kubera ngo yarakiri muto ntivyari bukunde ko abasha gutwara inda ngo ayivyare, kandi ngo bari bavyumvikanyeko na Kanumba ubwiwe.

Ico ahagararako avuga kuvy’uko yoba yamusigiye umuvumo, nuko ngo imisi mikeya imbere yuko yitaba Imana, Steven Kanumba yamubwiye ko atizigera atwara inda y’uwundi muhungu numwe, aho ni mu gihe ngo hari igihe Kanumba yahora mubwira ko amwishuza abana biwe, kuko ngo mu nyuma yahavuye amenya ko yakuyeyo n’inda ya 2.

Uwo mukinyi akaba kandi yanamenyesheje ko yibaza ko igihe yakuramwo inda ya 2 vyatumye igitereko ciwe kigira ikibazo bigatuma atabasha gusama iyindi nda n’imwe. Aho mukamenya ko abahungu batari bake barimwo Diamond Platnumz co kimwe na Idriss Sultan bari mu bantu batwaje inda Wema ariko zikavamwo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769