homepagekirundiMiss Burundi EventSCIENCES & TECHNOLOGIESsecurity

WhatsApp rigiye kwitwarira ishirahamwe NSO ry’abanya Israël

WhatsApp, ni ishirahamwe ryo gutumatumanako rikunzwe cane kw’isi ryegukiye Facebook kuva mu mwaka w’2014. Ryamenyesheje ko rigiye kwitwarira ishirahamwe NSO ry’abanya Isirayeri karuhariwe mu gusuma urusaku. Whatsapp riryagiriza kuba ryarafashije mugukora ubuhinga pegasus bwo gusuma urusaku mu ma whatsapp y’abantu bamwe bamwe.

« Ishirahamwe NSO ubwaryo ryoba ryarafasahije mu gukwiragiza ihamagara ryafashije kwinjira mu materefone y’abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru », vyavuzwe n’umwe mu bayobozi ba Whataspp.

Abantu ijana na cane cane mu bamenyeshamakuru nabo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike nibo bari bamaze gukorwako n’ubwo buhinga kuva mu kwezi kwa 5 muri uyu mwaka 2019, kw’isi yose. Nayo amaterefone 1400 aramaze guterwa. Mu bihugu vyatewe harimwo Bahreïn, Reta zunzwe ubumwe z’abarabu na Mexique, nayo mu bihugu vya Afrika havurwa ko igihugu c’Urwanda na Maroc arivyo vyaciweko n’iryo suma ry’urusaku.

Ishirahamwe NSO rikaba ryarabeshuje ivyavuzwe na Whatsapp ko ritagurisha ubwo buhinga bwo kwinjira mu ma whatsapp y’abantu, ivyo ishirahamwe Whatsapp ridashaka kwumva na gato, kuko rivuga ko ryabonye ubwo buhinga bwa Pegasus bufitaniye isano na NSO. Whatsapp ikavuga ko hakoreshejwe ubuhinga buhanitse ariko ko batashoboye gusibanganya ibimenyetso.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755