BurundihomepagekirundiUrwevuyouth

Wobigenza gute kugira uronke inguvu z’ugusenga mu bihe bigoye?

Iyo ibihe bigoye, bitera umuntu ata inguvu z’ugusenga. Abahinga bazobereye mw’ikoreshwa ry’ama psaumes bamenyesha yuko psaume ya 89  ishobora kugufasha. Ngo  uraheza  urayandika ku rupapuro wakije  bougie( kubo amadini atabibabuza) canke gusa ukaza urayivuga gushika aho uzoyifata ku mutwe ngo biraheza bikaguha inguvu z’ugusenga na cane cane mu bihe binagoye.

Mu nkomezi rero baha i zaburi n’uko ngo igufasha gusaba ikigongwe maze kandi ikagufasha n’ukwibutsa Imana ko yari yaragize amasezerano y’uko izokwama irekurira abana bayo bagavye.

Mu gihe rero usubiyemwo ayo majambo y’iyo psaume uraheza ukagira inguvu z’ugushikiriza isengesho rikuri ku mutima.

Uragerageza urabe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764