East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Wolper na Zari bavuze ku rukundo bagiranye n’abagabo bahorana

Yaba Zari canke Wolper bose babona ugutandukanye ubucuti barimwo hamwe n’ubwo bahozemwo.

Ukwerekana abagabo bagendana ngo ni kimwe mu vyabateye kubabara mu buzima, kuko abababona baheza bagaca binjira mu bibazo vy’ubucuti bwabo. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa yaba na Jackline Wolper co kimwe na Zarinah Hassan aho babazwa ivy’abakunzi babo bashasha.

Wolper yabwiye Global Publisher ko ubu afise uwo barikumwe kandi amukwiye, ariko ngo ntazigera amwerekana kuko abo yerekanye bose bamuteye ibibazo. Kuba atawe bazi ngo ni kimwe mu bituma bagira ubuciti bwabo buri Private. Uwo mukinyi w’amareresi akaba n’umunyamideri yavuze ko ubu umugabo wowe bashobora guhurira mu bindi bihugu, atari muri Tanzania.

Muri ico kiganiro bamubajije nimba umukunzi wiwe mushasha atari umu Tanzania, yanka kuvyemeza canke ngo abihakane, ariko avuga ko uguhurira ahandi n’uwo mukunzi wiwe ari akarorero gasanzwe yatanze, bidasobanura ko umukunzi wiwe atari umu Tanzania.

Zari we akaba yavuze ko uwiwe atazopfa abonetse kuko yipfuza ko aba uwiwe gusa, kanatsinda ngo umukunzi mushasha afise ngo n’umuntu atanakunda izo mbuga ngurukanabumenyi. Zari yanavuze kandi ko abakurikirana izo mbuga nabo bari mu batuma ubucuti bwiwe n’uwo barikumwe mu rukundo butagenda neza.

Mwomenya ko abo bose uko ari babiri bari mu rukundo n’abagabo 2 bari muri Wasafi, Wolper akaba yarikumwe na Harmonise bavanye agaca afatana na Sarah. Nayo Zari we akaba yarikumwe na Diamond Platnumz

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769