BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Ya nama y’abakuru b’ibihugu yari kubera I Goma iraba hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 nyakanga, Inama y’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi, Urwanda, Congo , Uganda na Angola yasivye yari kubera i Goma ku butumire bwa Nyakubahwa Tshisekedi, iraba hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru igihe, kuri uyu wa 2 amasaha y’umugoroba, hakoranye inama hakoreshejwe ubwo buhinga nyene. Iyo nama ikaba yari iyitegura iyi y’uyu musi wa gatatu ihuza abo bakuru b’ibihugu. Iyo nama ikaba yahuje abashikiranganji b’ivyo bihugu bajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu.

Iyo nama ikaba yitezwemwo vyinshi kuko muvyo bazigira hamwe harimwo ivy’ugukomeza umutekano muri ivyo bihugu, bisanzwe bihana imbibe, ico abanyecongo co kimwe n’abarundi bipfuza ko gikemuka vuba bwango kubera imigwi yitwaje ibigwanisho idasiba gusasika inganda bivugwa ko iva mu bihugu bibanyi.

Mwomenya ko iyo nama yarimaze ivuye ku mvo zitandukanye, zirimwo kutaboneka kwa bwamwe n’ubwoba bw’ikiza Corona Virus ku bandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764