EntertainmenthomepageUncategorized

Ya Ndirimbo Kirungo ya Double Jay yaburiwe irengero

Ahari impene ngo hasigaye ikiziriko, uko Niko twovuga dukubitiye Kuri rubuga rwa YouTube rw’umuririmvyi Double Jay. Ahari indirimbo ya Kirungo yari yasohoye ku musi w’Imana, nta kihasigaye.

Mu gihe hari hatanguye kuboneka abatamuraba ryiza kubera iyo ndirimbo, bamwe bakamubwira ko ivyo yakoze ari nka hamwe ari mu mahanga ngo ashizwe imbere y’intahe ngo ntiyari kubura indishi y’akababaro k’imiliyoni 5 yari gutanga.
None iyo ndirimbo yari imaze kurabwa incuro zirenga 20,000 yaburiwe irengero, naho atariwe wenyene yari yabashije kuririmba Kuri uwo mwigeme w’umunya Muyinga, neza neza i kamaramagambo.
Abandi bari babashije kugira ico bashikiriza Kuri iyo ndirimbo Double Jay yashize ahabona, bakaba bari bavuze ko n’ataraba neza ngo ukwo gushaka kujana n’ibigezweho bizotuma umuvuduko w’iterambere yarariko ngo ugabanuka.
Ubu rero tukibaza icoba catumye uwo muririmvyi abasha guhindura inyuma y’ugusohora amahera atari make ngo abashe gukora iyo ndirimbo, noneho agahitamwo guhomba agakurako iyo ndirimbo Kuri urwo rubuga.
Hampande ya Double Jay, uwundi muririmvyi Jadix The Black nawe akaba yari yabashije gukora Indirimbo yise Kirungo nawe nyene, ariko yo iracaboneka ku rubuga rwiwe rwa YouTube, aho imaze kurabwa incuro zirenga 5600 mu misi 2.
Aha mukamenya ko iyo ndirimbo yari yatanguriye iyo abafana n’ubu bakirindiriye kuko yari yamenyesheje ko yo yamaze guheza gukorwa, hasigaye ko isohoka gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 750