IKIRUNDI_news

Yaba ab’uru runganwe, yaba abavyeyi co kimwe n’abana, bose barabwa na Aka kera 

Ubutumwa buri mu ndirimbo Aka kera ya B face Hari benshi batabutahuye, kuko yabushikirije mu mvuga ifobetse nk’abarundi baho hambere bavuga mu migani. 

Mu kiganiro na Bujahit tv, uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi w’iyo ndirimbo yavuze ko ubutumwa burimwo burabishwa ku bavyeyi, kugira bikunde biteho Abana bubu, kuko hari abataciga kubera ico bita iterambere ryamaze kudushwaramwo, gutyo bigatuma mw’ishuri Abana batamenya Kandi ataruko batagira ubwenge.

B Face yavuze Kandi ko muri iyo ndirimbo harimwo n’ubutumwa ku b’uru runganwe ngo bamenye ko hari uburyo abarundi twari mu myaka iheze, imbere y’iri terambere, aho twatemberanira, tukaganira iyo duhuye, ariko ubu ngo siko bimeze. B Face akaba avuga ko twari dukwiye kugarukira uwo mugenzi, kugira tugire ikintu kiranga abarundi.

Mwomenya ko iyo ndirimbo imaze igihe ishiriwe ahabona amasanamu yayo yabonetsemwo Abana bakina imikino itandukanye yaririmvye muri iyo ndirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021