homepagekirundimusic

Yan A kuva i Ngozi gushika muri Zambia vuba hari ivyo aduteguriye

Amazina yahawe n’abavyeyi biwe ni Irankunda Eric mu mwuga wiwe wokuririmba akaba azwi nka Yan A yavukiye i Ngozi ariko ubu aba muri Zambia.

Yatanguye kuririmba 2013 afise indirimbo zirenga 10
Iyo aheruka kurekura yitwa “Kanyana” yayikoranye na Akes Don hamwe n’umurimvyi ava mu gihugu ca Zambia.

Yan A ico asaba abarundi ni ukubandanya bamushigikira ngo kubera gukora umuziki uri mu mahanga biragoye cane yongera aranaremesha abakunzi biwe yuko ubu atakiri wenyene yamaze kuronka abashigikira umuziki wiwe nawe si uwundi ni “Mama Essy ” kuva muri Australia.

Atagihindutse ku musi w’Imana igenekerezo rya 11 Kigarama 2022 hari indirimbo agiye kurekura ifise n’amasanamu ku bwiwe aremeza ko izoba ikozwe ku buhinga mutari mumumenyereyeko.

Mu kurindira iyo ndirimbo yiwe nshasha tubandanye turyoherwa n’indirimbo yiwe “Kanyana”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756