BurundiDevelopmentEducationÉnergiehomepagekirundisocieteyouth

#YBSP| Sorora ikaye abana bave mw’ibarabara baje kwiga

Birahoboka kandi biramaze no gushoboka gukura abana mw’ibarabara abana bakavamwo imisore n’inkumi nziza zifise kazoza keza.

 

Urukundo no kwitanga vy’umwumwe mu barundi bagize ihuriro ry’urwaruka YBSP(youth, Building in Sinergy to end Poverty) nivyo vyatumye abana barenga 120 bavanwa mw’ibarabara bagashirwa mu mashure.

Kw’igenekerezo rya 03 kigarama 2020 ku nyubakwa yo kwivuniramwo umusase yiswe le flamboyant urwo rwaruka rukaba rwari rwakoranije abafatanyabikorwa ba YBSP kumwe n’abamenyeshamakuru kugira barabire hamwe uko ico gikorwa cotera inbere kuruta.

Bimwe mu bikorwa vyari mu ndinganizo hakaba harimwo gukengurukira abitangira ico gikorwa mu mugambi bise ’’Sorora ikaye’’ no gutegura Noweli y’abana yama iba uko umwaka utashe.
Uno mwaka bakazokwifadikanya n’abana bo mu Gatumba, ndetse n’abarwariye mu bitaro.

Mwomenya ko YBSP imaze imyaka igera ku munani iriko iravugira yongera ifasha abana bo mw’ibarabara, ikaba imaze kwegeranya imisore ndetse n’inkumi nyinshi, ikaba igeze mu gihe co kurondera abafatanyabikorwa (partenaires officiels), kuko ico gikorwa basanzwe bagikora mu kugenda basaba ubufasha hirya no hino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770