homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Yoya arasiguye igituma muri kino gihe atariko arasohora umuziki

Twobanza gushimira Mr Champagne ku gikorwa ariko arakora co guhamagara abaririmvyi bakayaga ikibiriraho biciye kuri Instagram yiwe ngo ni mu ntumbero yo kugira ubumwe mu baririmvyi, kugira biyumvanemwo mu guteza imbere ibikorwa vyabo. Ivyo ni ivyagiye biravurwa n’abaririmvyi amaze gutumira nka Big Fzzo, Yoya, Mkombozi.

Yatanguye n’ikiyago na Big Fizzo bariko barayaga umuririmvyi Alvin Smith baramwakira na DJ Pro nawe nyene yarakuye baramwakira. Bose ugerageje kubumviriza mu majambo yabo urumva igikuru bashira imbere ari ugukundana ngo nico kizozana iterambere.

ku musi wa kabiri igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2022 Mr champagne yakiriye Mkombozi na Issa Jamal musanzwe muzi kw’izina rya Yoya.

Ku kibazo cerekeye kubera iki amaze imisi adasohora umuziki ivyo bamwe bibaza ko yoba yarahevye umuziki, yishuye agira ati: “Umuziki sinowuheba ninayo mpamvu nitavye ubutumire bwa Mr champagne kugira tuyage cane kuvyerekeye umuziki. Igituma ndi mugacerere ni uko hari ingorane zaje mu buzima ziraba umuryango vyansavye kwanza kuba ndahagarika ninabitunganya nzoca nsubira ninjire muri studio kuko kwandika narabandanije nandika kandi mukubamara inyota neza nzoca nsohora album muryoherwe bikwiye.”

Nayo kucerekeye abaririmvyi bakicaruka ubu kandi bakora neza ni bande, yishuye avuga ko ari benshi atobadondagura ngo abaheze yamara mubo yashoboye kuvuga harimwo Kirikou, Double jay, Alvin n’abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755