homepagekirundi

Yoya ngo ntabana n’umugore kandi ashobora kudasubira mu bwongereza

Mu gihe abatari bake bagize igihe bashaka kumubaza kubijanye n’umugore bivurwa ko babana mu gihugu c’ubwongereza, Jamal yavuze ko atawe babana kandi ko ashobora kudasubira mu bwongereza kandi.

Jamal aho yari muri studio gukora indirimbo kwa Maide Beat i Kigali, umumenyeshamakuru wa Isango Star, Irene, yamubajijwe vyinshi bijanye n’ubuzima bwiwe.

Muri ico kiyago bagiranye Yoya yabajijwe nimba abana n’umugore mu bwongereza, avuga ko atawe babana, ariko kandi asaba ko batobandanya babimubazako kuko ataco ashima kubivugako cane. Aho ni mu gihe akigenda vyavuzwe ko agiye gusangayo umukunzi wiwe hamwe n’ubuheta bwiwe.

Yoya yanabajijwe ivy’akazi akora muri ico gihugu, kuko abantu bagize igihe bakwiragiza ibihuha ko yoba yoza amasahani n’ukumesa kugira bikunde abashe kubaho. Yoya yavuze ko asanzwe afise akazi kamuhemba buri kwezi, ariko adashima kugira vyinshi akavugako.

Muri ico kiganiro Yoya yavuze ko azousubira inyuma mu bwongereza mu gihe ibikorwa vyamuzanye i Kigali vyarangiye, ariko akavuga ko naho biruko ashobora kudasubira mu gihugu c’ubwongereza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755