Entertainmenthomepage

Yvan Muziki yagondojwe none yakuyemwo Umukuru w’igihugu mu ndirimbo yiwe

Ya Ndirimbo Intare batinya RMX ya Yvan Muziki, yari imaze imisi iriko ivugisha benshi ku mbuga ngurukanabumenyi, ko hari amashusho y’umukuru w’igihugu yashizwemwo ariko atarakwiye gushirwamwo, kuko adahuje n’ubutumwa burimwo, ahavuye agondozwa.

Ayo mashusho yari ku musegonda wa 30, akaba yakuwemwo mu masanamu mashasha y’iyo ndirimbo yashizwe kuri urwo rubuga rwa YouTube rwiwe, rugeze ku barukurikirana barenga 50,000.
Ibi akaba abikoze inyuma yaho abwiriye Murindahabi Irene Kuri MIE Empire ko ivyo yakoze ata kosa yakoze, kuko yari yaranasavye abiwabo na Nyene Indirimbo ko yokoresha amashusho y’umukuru w’igihugu nabo bakabimwemerera.
Yvan muri ico kiganiro Kandi yari yamenyesheje ko abamwagiriza kwubahuka umukuru w’igihugu c’Urwanda, ngo bakwiye kurabwa neza, kuko hari ubutumwa bwinyegeje muvyo bariko bashikiriza.
Yvan Muziki akaba yishongoye akatari gake muri ico kiganiro yagiranye na Murindahabi, avuga ko we ata kosa yakoze, kuko muvyo yashaka kwari ugutura iyo ndirimbo abasirikare b’Urwanda.

Kuri uyu wa gatanu, iyo ndirimbo ikaba yahavuye ikurwako, maze isubirizwa n’iyindi itabonekamwo iryo shusho ry’umukuru w’igihugu.
Ikinyamakuru Igihe cari canditse Kuri iyo ndirimbo n’ishirwa ahabona ry’amasanamu y’iyo ndirimbo Kuri uyu wa gatandatu, ko Massamba atazoba ahari ariko Yvan akavuga ko ari ububeshi, kuko iyo nararibonye izoba yihishikiye, cahavuye gisubira Kandi kwandika Kuri iyo nkuru.

Amakuru dukesha ico kinyamakuru avuga ko Yvan Muziki inyuma yo gukurako iyo ndirimbo, yanditse avuga ko yashimiye abamwandikiye bose bagaterera ivyiyumviro. Banditse ko yavuze ati : “Indirimbo yanjye ‘Intare batinya Remix’ nakoranye na Marina yasubiwemo, turashimira ivyiyumviro buri muntu yatwandikiye. Murakoze!.”
Ubu butumwa iki kinyamakuru nticigeze gishikiriza aho yabwanditse, natwe tubona kuja kurondera ku mbuga za Instagram, Facebook, Twitter na YouTube, tukaba tutabashije kubona aho yavyanditse.

Mukamenya ko Yvan Muziki yakuyeko Indirimbo mu misi 3 yari imaze kurabwa n’abarenga 200,000, nayo iyo yashizeko mu masaha 14 imaze kurabwa incuro 14,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707