Entertainmenthomepage

Big Fizzo ngo agiye kwambara nk’abaho hambere mu ndirimbo

Ca gikorwa giheruka gukorwa n’inama y’igihugu ijejwe gucungera uko ibinyamakuru bikora, kibandanya kuvugisha benshi.

Big Fizzo akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook yanditse ngo:” Umusi nzotangura kwambara utubindo muri clip ndazi ko muzomvogera ngo nambaye ubusa.”

Ubu butumwa bukaba bwasa nkaho bugaruka ku kutubahiriza imico n’imigenzo y’abarundi, baheruka kwagirizwa na CNC, aho hahagaritswe Indirimbo zitari nke, Kandi ngo n’izindi zikiri inyuma.
Ako kabindo, Big Fizzo akaba yakagarukanyemwo kuko bisanzwe bizwi ko abarundi baho hambere bari basanzwe bambara umwambaro wafuka ibihimba vy’ibanga gusa, ariko ahandi ho bakagenda bari amenya.

Ubwo butumwa bukaba bwavuzweko n’abatari bake aho n’abo bavuze ko ivyo bidakwiriye umu Legend, abandi bavuga ko aramutse abikoze ngo CNC bokwihuriza ubwayi, abandi nabo bakavuga ko Big Fizzo azohava ahamagarwa na CNC ngo afute iyo Post yakoze yari imaze gukundwa n’abarenga 3000 mu masaha 8 gusa.

Ku ruhande rwa DJ Jackson nawe, akaba Kuri Facebook yiwe yashizemwo akunyu, aho yavuze ko mu gihe Mwende ya Natacha bayihagaritse, Snapchat ya Ruge umunya Nigeri yo ngo ibandanya isamirana ukuri kwamye ku nsamirizi mu gihugu.
Uwo Mugabo akaba yavuze ko ibishegu vyumvikana muri iyo ndirimbo ya Ruge ari agahomanunwa, ariko gusa ngo bikaba biri mu rurimi rw’icongereza.
Ubwo butumwa bukaba nabwo bwagize ico buvugwako n’abatari bake, aho babona ko vyotuma kuko iyo ndirimbo iri mu rurimi rw’icongereza ngo abana bo hiyo ruguru badaheza ngo bumve ibivugirwamwo.

Abandi bakaba babajije insamirizi yariko irashikiriza iyo ndirimbo, umwe mu bagize ico bayishikirizako, bavuga ko hari Kuri Iteka FM.
Aka gashavu gatanguye kuvuka inyuma yaho abatari bake berekaniye ko ivyakozwe na CNC bitari bikwiye kugenda gutyo, kuko Indirimbo z’abanyamahanga zo ngo batazibuza mu kuzihagarika kandi arizo zirimwo ibishegu vyinshi gusumba iz’abahano iwacu.

Muyoboke Alexis asanzwe ari inararibonye mu kurabira inyungu z’abaririmvyi mu Rwanda, akaba yamenyesheje mu kiganiro yagiranye na Web TV yitwa Chita Magic, ko kugira umuziki w’abarundi uhagarare, ngo abarundi bari bakwiye guhagarika Indirimbo z’abanyamahanga ngo vyoca bituma iz’abarundi ziduga cane gusumba.
Nayo mu kiganiro Kuri Siren Vibe, uwari yaserukiye CNC akaba yamenyesheje ko naho abantu bavuga ko badakora ku nyamahanga, ngo buri gihe iyo bahagaritse Indirimbo ngo ntihaburamwo inyamahanga zihagarikwa.
Muri ico kiganiro nyene, uwo yaserukiye CNC, yavuze ko ataho bigeze bavuga ko bahagaritse izo ndirimbo ku butaka bw’Uburundi, canke mu biteramo, ahubwo ngo bazihagaritse mu nsamirizi bo basanzwe bafiseko ijisho.
Nayo abavuga ko bazoca bashira Kuri za YouTube na Spotify ivyo bikorwa vyabo, uwo mugabo akaba yamenyesheje ko CNC iri mu biganiro n’izo mbuga, ngo Vuba cane, izo mbuga nazo zizoza zirahagarika ivyo n’abo bashimye guhagarika.

Ubu rero bikaba bitoroshe kubona uko bizohava bibandanya kuko izo mpande zose zitanako inyikomo, kuko ngo zitoroherezanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706