africa newsEast Africa NewsEntertainmentkirundi

Zari yasubiriye kandi gusangiza abamukurikirana amashusho asa nkaho ari gusa

Umwamikazi w’ubwiza Zarinah Hassan yasubiriye kandi gushusha imitwe abantu mu gushira ahabona amashusho yiwe asa nkaho ari gusa, akayasangiza ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Abakunzi biwe co kimwe n’abatamwerekwa bakaba bataretse kuvuga.

Uwo muvyeyi w’abana 5 akaba aho yasangiza ayo mashusho abantu, bakaba bamwe bamututse baramwambika ibara nkuko bama babimukorera mu gihe gusa ashize ahabona amashusho nkayo.

Bamwe mu bamututse hakaba harimwo abibajije uko yiyumva mu gihe afise abana basanzwe bakoresha uwo muhora, nabo bakaba bamubona yiyambitse uwo mwambaro. Abandi bo bakaba bavuga ko yasaze kuko ivyo bitari bikwiye kuba kuriwe.

Nkuko vyama, Zari akaba atabasha kubishura naho babandanya kuba benshi bamutuka ku mashusho ashika 3 yashize kuri urwo rubuga nayandi atari make ashira ahitwa muri Insta- Storie.

Ayo akaba ayasangije abakurikirana urwo rubuga mu gihe yaheruka kwerekana umwana wiwe Nilan arwaye, ariko ho akaba yari yakoresheje urubuga rwa Snapchat naho nyene akurikirwako n’abatari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 553