EntertainmentAkes DonhomepagekirundiP squareTanzania

Zari yavuze impamvu ashaka kuba umu Millionaire

Ubu Zari ngo yishakira kwironderera amahera biciye ahandi apana mu muziki. Kuko kuba umu Millionaire mu kuririmba bigoye gusumba izindi nzira.

“Nta mafaranga ahari bomuriha ngo bikunde ashobore kuja muri Clip Video y’umuririmvyi numwe”. Ivyo n’ivyashikirijwe na Zarinah Hassan aho yaganira na Millardayo TV.

Muri ico kiganiro, Zari yavuze ko ubu arajwe ishinga no guca amafaranga ngo abe umu Millionaire. Aho akaba yariko yishura ku kibazo c’uko yigeze kuba umuririmvyi, nimba azosubira kandi canke yabihevye.

Zari yavuze ko kwinjiza amafaranga menshi nk’umuririmvyi bifata akanya, kandi ngo aho ageze kubera umuryango ntivyokunda ko asiga abana ngo agende gukora ibiteramo hirya no hino, ngo nico gituma ubu ariko yibanda cane ku kurondera amafaranga.

Hampande y’ivyo ngo baranamaze kumusaba gukina Film, ariko kuko bifata akanya kuyikina, navyo bikaba ngombwa ko yimukira mu gihugu bagiye gukiniramwo, ngo ntibiheza ngo bikunde kubera umuryango.

Zari avuga ko abanya Nigeria bigeze kumusaba gukina Film, ariko kuko amafaranga yari make ngo ntiyahavuye yemera gukina amareresi yabo.

Mwomenya ko ivyo yabishikirije aho yari mu gihugu ca Tanzania, aho yarajanywe n’ishiramwe asanzwe abereye umuserukizi, Ambassador.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769