East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Zari yavuze ku bumaraya yagirizwa gukorera muri Kenya

Ubumaraya n’ukuba yoba asigaye akundana na Ommy Dimpoz, vyagirizwa Zarinah Hassan ngo sivyo na gato.

Mu rukurikirane rw’ikiganiro Ayo tv yakoranye na Zari The Boss lady, yanabeshuje amakuru yavuga ko yoba asigaye agendana na Ommy Dimpoz. Ivyo bikaba vyavuzwe inyuma y’amashusho yagiye arerekanwa hirya no hino aho babonetse barikumwe, bafatanye.

Zari avuga ko Ommy amufata nka musaza wiwe mutoya. Ayo mafoto avurwa, ngo yafashwe we na Ommy bahuriye muri Kenya aho yari yajanywe n’itegurwa ry’Inama izohuza abagore izoba muri uku kwezi kw’8.

Zari yabandanije avuga ko bafashe iyo foto inyuma y’ikiyago bari bahejeje kugira, bamusaba ko nawe yoja kwifatanya nabo, Zari na Akothee, kugira bahimirize abagore. Siwe gusa kuko yanavuze ko na Alikiba nawe ari mu bariko baronderwa ngo bikunde bifatanye nabo.

Zari yanagarutse ku bavuga ko yoba yari yajanywe n’ukwigurisha, ubumaraya, muri ico gihugu, aho abibeshuza, akavuga ko icamujanye muri ico gihugu ngo kari akazi, kandi nico buca kimusubizayo, kuko hakiri ibikorwa bagitunganywa.

Mwomenya ko buri gihe, Zari bama bamuremeka inteba ishushe aho bamwagiriza ibintu bitandukanye. Igiheruka cari uko abana asangiye na Diamond atagishaka kubarekura ngo baje kuraba se.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769