footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Zidane aramutse yerekeje muri PSG, ntibizoba ari amahoro kuri Lionel Messi.  

Ivyo ZInedine Zidane ngo yasavye kugira aje kumenyereza umugwi wa PSG, ari nka hamwe bavyemeye ngo bishobora kutazoryohera Lionel Messi.

Uwo mumenyereza aheruka gukinjura muri Real Madrid, ngo yoba yasavye ko aramutse ashitse muri PSG ko ariwe yofata ingingo mu bijanye n’abakinyi, igishobora kwemerwa kuko ngo uwo mugwi umwipfuza cane.

Ariko rero ngo s’ico gusa yasavye, kuko Zizou ngo yoba yaranasavye ko yogenda ajanye muri uwo mugwi n’umusore wiwe Cristiano Ronaldo, uno musi abarizwa muri Man United, ahantu ngo yoba ataryohewe na gato nkuko ikinyamakuru El Nacional co muri Espagne kibishikiriza.

Ico cipfuzo co guhuriza hamwe abo bakinyi 2 Cristiano Ronaldo na Lionel Messi ngo kikaba gishigikiwe n’abafana, ariko ngo ku ruhande rwa Messi ngo uwo mugambi ntibawubona ryiza, kuko ngo yigeze no gushikiriza ko batazigera bahurira mu mugwi umwe.

Abanya Qatar ari nka hamwe bahisemwo gukwega uwo mumenyereza bakanemeza ko ivyo ashaka babishitsa, ngo bashobora guhura n’ibibazo vyo guhitamwo muri abo bami 2 uwo basigarana kuko n’abarundi barayamaze ngo “Inkuba 2 ntizisangira igicu”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846