footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Zinedine Zidane abarizwa I Paris

Umwaka w’akaruhuko zinedine Zidane yihaye ngo coba atarico kiri mu mutwe, ariko Ari ubundi bwoko bw’umukenyuro kugira abashe kugira ico aronka neza.

Umwe mu begereye uwo mumenyereza rurangiranwa, yavuze ko Zidane muri bino bihe abarizwa I Paris mu bufaransa, ngo n’akaryo keza ko kumwumvisha umugambi wo kumenyereza uwo mugwi wa PSG.

Nkuko ico kiyago cavyumvikanishije, ngo Zidane muvyo adakunda n’ihiganwa mu gihe aba ariko aramenyereza, ngo ashobora kuba ariko arapamga imikenyuro kugira bikunde igihe azoba ariko aramenyereza Abe afise ububasha bwose.

Ic’ukutagira ububasha bwose kikaba ngo kiri mu bishobora kuba vyamukuye muri Real Madrid yaramaze igihe kitari gito amenyereza.

Zinedine Zidane akaba aguma avugwa cane ko Ariwe akenewe muri PSG kuko umumenyeshamakuru ariyo ubu ariwe Pochetino we ngo yoba ataco ariko aramarira uwo mugwi ubarizwamwo ibihangange vy’abasatirizi.

Mwomenya ko Zinedine naho avugwa kwerekeza muri PSG, uwo mumenyereza ngo ashobora kuba yashaka umugwi nserukiragihugu w’Ubufaransa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846