footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundi

Zinedine Zidane ngo yamaze kwemera kumenyereza Paris Saint Germain

Ivugwa ry’uko Zinedine Zidane yamaze gushira umukono ku masezerano yo kumenyereza PSG, vyateje uruhagarara. Hibazwa nimba ibimenyetso vyatanzwe Ari ivy’ukuri.

Umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye bo muri Espagne mu gisata ca Sport, aheruka gushikiriza ko umumenyeshamakuru Zinedine Zidane yamaze gushira umukono ku masezerano yo kumenyereza umugwi wa PSG.

Inyuma y’ukubivuga, uwusanzwe Ari umujenama wa Zidane akaba yashize itangazo hanze abeshuza ayo makuru, avuga ko uwo muntu wiwe ata masezerano arashirako umukono.

Ivyo ni mu gihe uwo mumenyeshamakuru yari yashize hanze iyo nkuru, Kandi vyabaye mu kanywababu.

Mu gihe Zidane yari mu karuhuko n’umuryango, ngo yarakubitiye Qatar kuja gushira umukono kuri ayo masezerano, Aho yanahawe uburenganzira bwo gushobora kumenyera n’umugwi nserukiragihugu Ari nka hamwe bawumuhaye, ikirenze agahabwa umuhara w’imiliyoni 75 z’ama Euro mu myaka 3 yemeye gukoranamwo nabo.

Uwo mumenyeshamakuru amaze kwumva iryo tangazo, yashize ahabona ico mu kinyamazuru bita Plan de Vol y’indege yagiyemwo n’ibindi bimenyetso vyategerezwa kuba Ari ibanga, icatanguye gutera amakenga nimba ivyo bimenyetso yashize hanze Ari ivy’ukuri canke Ari ibikorano. Ariko abamuzi bakavuga ko atobikora kubera izina afise rikomeye cane.

Ishirwa ahabona ry’ayo masezerano rikaba ryitezwe mu mpera z’uku kwezi kw’6.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 863