homepagekirundi_Sports

⚽️ Uburundi bukihenda bukanganya na Cameroun 0-0 buzoba busezerewe.

Abarundi batari bake barindiriye igishika urukino rw’Intamba mu rugamba na Cameroun ruzoba igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 .

Ariko naho biri uko , benshi bipfuza kumenya igisabwa kugira umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ushobore gusezerera Cameroun kuri urwo rukino .

Mugihe Intamba mu rugamba zokwihenda zikanganya 0-0 na Cameroun zizoba ziserewe , ati kuberiki? n’uko Cameroun ifise ibitsindo vyinshi yatsindiye hanze kurusha Uburundi, Uburundi ico busabwa kugira burengane ni kunganya na Cameroun 1-1, 2-2 , 3-3 .

Inkino Cameroun yakinye :

– Burundi 0-1 Cameroun
– Cameroun 1-1 Namibie
– Namibie 2-1 Cameroun

Amategeko ya CAN avuga ko , iyo imigwi imaze kunganya amanota baca baraba ibitsindo yinjije , bagasanga banganije ivyo navyo , baca baraba ibitsindo iyo migwi yinjijwe , basanze iyo migwi yose ibinganya naho baca baraba ibitsindo umugwi winjirije hanze ( But à l’extérieur ) ivyo navyo Cameroun ica iba imbere y’uburundi , kuko ifise ibitsindo bibiri yatsindiye hanze .

Inkino Cameroun yakinye :

– Burundi 0-1 Cameroun
– Cameroun 1-1 Namibie
– Namibie 2-1 Cameroun

Uburundi nabwo nyene bukaba bwaratsinze igitsindo kimwe gusa hanze ( Away) naco bagitsinze Namibie aho banganije 1-1 .

Inkino Uburundi bumaze gukina :

– Namibie 1-1 Burundi
– Burundi 0-1 Cameroun
– Burundi 3-2 Namibie

Namibie yoyo niyo ifise amahirwe angana kuri 90% yo kw’itabira CAN kuko ifise amanota 5 ni ukuvuga iri imbere y’Uburundi hamwe na Cameroun.

Uburundi na Cameroun kugira bose bashobore kwitabira CAN hama Namibia igasigara n’uko bonganya ibitsindo 4-4 ivyo navyo biragoye .

Inkino Namibie yakinye ni izi :

– Namibie 1-1 Burundi
– Cameroun 1-1 Namibie
– Namibie 2-1 Cameroun
– Burundi 3-2 Namibie

Namibie ikaba yarashoboye kwinjiza ibitsindo 3 hanze ni ukuvuga iciba imbere y’Uburundi na Cameroun .

-Burundi bwinjije ibitsindo 4 , bwinjizwa 4 buca busigarana ibitsindo 0.

– Cameroun yinjije ibitsindo yatsinze ibitsindo 3 , yinjizwa 3 ica isigarana ibitsindo 0.

– Namibia nayo yatsinze ibitsindo 6 , yinjizwa ibitsindo 6 ica isigara ibitsindo 0 .

Ninayo mpamvu bishitse Uburundi bukanganya na Cameroun (0-0) boca baraba ibitsindo imigwi yatsindiye hanze ( But à l’extérieur) .

Ariko Uburundi bukanganya na Cameroun kuva ku gitsindo 1-1 ,2-2, 3-3, niho buzoca burengana kuko buzoca bungana na Cameroun ibitsindo 2-2 imigwi yompi yatsindiye hanze ( Away)

Hama bazoca baraba hagati y’Uburundi na Cameroun umugwi watsinze Namibia ni uwahe , ivyo bizoca biha Uburundi uburenganzira bwo kwitabira CAN 2024 bivanye n’uko bwanganije na Namibi 1-1 , busubira kandi butsinda 3-2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807