Abarundi batari bake barindiriye igishika urukino rw’Intamba mu rugamba na Cameroun ruzoba igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 .
Ariko naho biri uko , benshi bipfuza kumenya igisabwa kugira umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ushobore gusezerera Cameroun kuri urwo rukino .
Mugihe Intamba mu rugamba zokwihenda zikanganya 0-0 na Cameroun zizoba ziserewe , ati kuberiki? n’uko Cameroun ifise ibitsindo vyinshi yatsindiye hanze kurusha Uburundi, Uburundi ico busabwa kugira burengane ni kunganya na Cameroun 1-1, 2-2 , 3-3 .
Inkino Cameroun yakinye :
– Burundi 0-1 Cameroun
– Cameroun 1-1 Namibie
– Namibie 2-1 Cameroun
Amategeko ya CAN avuga ko , iyo imigwi imaze kunganya amanota baca baraba ibitsindo yinjije , bagasanga banganije ivyo navyo , baca baraba ibitsindo iyo migwi yinjijwe , basanze iyo migwi yose ibinganya naho baca baraba ibitsindo umugwi winjirije hanze ( But à l’extérieur ) ivyo navyo Cameroun ica iba imbere y’uburundi , kuko ifise ibitsindo bibiri yatsindiye hanze .
Inkino Cameroun yakinye :
– Burundi 0-1 Cameroun
– Cameroun 1-1 Namibie
– Namibie 2-1 Cameroun
Uburundi nabwo nyene bukaba bwaratsinze igitsindo kimwe gusa hanze ( Away) naco bagitsinze Namibie aho banganije 1-1 .
Inkino Uburundi bumaze gukina :
– Namibie 1-1 Burundi
– Burundi 0-1 Cameroun
– Burundi 3-2 Namibie
Namibie yoyo niyo ifise amahirwe angana kuri 90% yo kw’itabira CAN kuko ifise amanota 5 ni ukuvuga iri imbere y’Uburundi hamwe na Cameroun.
Uburundi na Cameroun kugira bose bashobore kwitabira CAN hama Namibia igasigara n’uko bonganya ibitsindo 4-4 ivyo navyo biragoye .
Inkino Namibie yakinye ni izi :
– Namibie 1-1 Burundi
– Cameroun 1-1 Namibie
– Namibie 2-1 Cameroun
– Burundi 3-2 Namibie
Namibie ikaba yarashoboye kwinjiza ibitsindo 3 hanze ni ukuvuga iciba imbere y’Uburundi na Cameroun .
-Burundi bwinjije ibitsindo 4 , bwinjizwa 4 buca busigarana ibitsindo 0.
– Cameroun yinjije ibitsindo yatsinze ibitsindo 3 , yinjizwa 3 ica isigarana ibitsindo 0.
– Namibia nayo yatsinze ibitsindo 6 , yinjizwa ibitsindo 6 ica isigara ibitsindo 0 .
Ninayo mpamvu bishitse Uburundi bukanganya na Cameroun (0-0) boca baraba ibitsindo imigwi yatsindiye hanze ( But à l’extérieur) .
Ariko Uburundi bukanganya na Cameroun kuva ku gitsindo 1-1 ,2-2, 3-3, niho buzoca burengana kuko buzoca bungana na Cameroun ibitsindo 2-2 imigwi yompi yatsindiye hanze ( Away)
Hama bazoca baraba hagati y’Uburundi na Cameroun umugwi watsinze Namibia ni uwahe , ivyo bizoca biha Uburundi uburenganzira bwo kwitabira CAN 2024 bivanye n’uko bwanganije na Namibi 1-1 , busubira kandi butsinda 3-2.