homepage

#Gitega:Zimwe mu Nyubako zirageramiwe n’ibimanga

Ibimanga bigenda vyimbwa n’amazi y’inkukura ,iyo imvura iguye birabangamiye abantu n’amatungo yabo harimwo impangu n’inzu mu gisagara ca Gitega.

Aho ni nk’ikimanga kigeramiye amahoteri #Helena na #Iwacu center yubatswe muri karitiye #Musinzira ahandi hibonekeza ikimanga ni muri #Rweru muri karitiye #Bwoga ya mbere.

Mu gihe ivyo bimanga bibandanya vyimburuka kandi bigwira, abavyegereye n’abasanzwe bafise inyubako bater’akamo abajejw’intwaro n’abafasha Reta kubanguka mu gutorera inyishu irama ivyo bimanga.

Uwurongoye zone muri komine Gitega akamenyeshako mu myaka ishika itatu aremeza ko ivyo bimanga bibangaiye inyubako ko mbere bimaze guhekura abavyeyi kuko abana batatu bamaze kwitaba Imana .

#Burundi
#RadioIndundiCulture
#Infrastructures

What's your reaction?

Related Posts

1 of 670