Entertainmenthomepagekirundimusic

The Ben ngo agiye kuboneka I Bujumbura naho

Umuririmvyi The Ben ngo aritezwe I Bujumbura mu misi iri imbere, nkuko vyatanguye kunuganugwa n’abatari bake, noneho bikemezwa n’iboneka rya Cover ya Conference de Press yitezwe Kuri uyu wa Kabiri.

Iryo nuganugwa rikaba ryatanguye kubonekera Kuri Instagram yiwe, aho yasangije abantu foto ari muri Gym, noneho akaza gukurikizako izina “Burundi” hamwe n’agamenyetso k’umutima.

Inyuma yiwe abatari bake barimwo aba Promoter bakaba batanguye kumenyesha ko uwo muririmvyi agiye guteramira I Bujumbura, ariko haburamwo umusi nyezina, canke ikibanza bizoberako.

I Kigali, ikinyamakuru Igihe, co camenyesheje ko ico giteramo uwo muririmvyi yatumiwemwo, kizoba igenekerezo rya 1/10 muri uno mwaka nyene, nkuko amakuru baronse avyemeza.

Cover imenyesha ko hazoba Conference de Press ku musi w’ejo kubw’ico giteramo, ikaba izobera muri panoramic, Kandi ngo abazomutumire ni Now Now Company.

The Ben akaba Atari bwakorere igiteramo I Bujumbura, ariko akaba yaheruka gukorera ibiteramo mu bihugu nk’Urwanda, Uganda na Kenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753