BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

10,000$ ngo birashobora gutuma Ester Nish avavanura na Bukiv Label budakeye kabiri

Induru ngo zirashobora kwaduka hagati ya Esther Nish hamwe na Manager wiwe Dj Jackson, imvo zayo ngo n’ukutumvikana bivanye n’uko rumwe muri izo mpande rutariko rukurikiza ivyo rwavuganye n’urundi. 

Amakuru dukesha abegereye Esther Nish nuko ngo ashobora kuvavanura na Management ya Bukiv label, ngo kubera amahera bari bumvikanye na Management yiwe yo gukora amasanamu y’indirimbo Come and See ngo bariko basohora ayadakwiye.

Ayo makuru nyene akaba ashimangirwa n’abegereye Manager wa Esther Nish, aho bavuga ko hari impari zitari nke, ngo kuko Management iriko isohora amafaranga angana 5,000$ mu gihe ayo bari bumvikanye angana incuro 2 ayariko asohorwa.

Iyo ndirimbo Come and See iriko iratera ibibazo muri iyo Label ya Bukiv Label ikaba muri ino misi yariko ishirwa ku mbuga zitandukanye zigurisha umuziki ( https://esthernish.hearnow.com/ ).

Mukibuka ko Manager DJ Jackson ari umwe mu barundi bashigikira ingabire zitandukanye mu baririmvyi, akaba ari mu bashigikira Sat-b, Masterland n’abandi batari bake mu rugendo rw’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799