BurundiArsenalfootballhomepageIbiyovyabwengeInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Shaka Bienvenue ntazokwitabira inkino za CAN U 20 kubera imvune .

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Shaka Bienvenue ntakije kandi kwifadikanya n’Intamba kubw’imvune.

Mu kiganiro uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akaba ari nawe aramutswa inama nkenguzamateka Reveriano Ndikuriyo yaraye akoresheje abamenyeshamakuru ku kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 21 nzero umwaka wa 2019 yaravuze ko uwo mukinyi atazokwitabira inkino za CAN U 20 zigiye kubera muri Niger ukwezi kwa Ruhuhuma igenekerezo rya 2 kubw’imvune .

Kuri uyu wa kabiri Igenekerezo rya 22 Nzero , niho haboneka ama foto y’uwo musatirizi ari kumusego ariko ntiharamenyekana ikiringo uyo musatirizi azomara adahonyoza ikirenge mu kibuga.

Mukamenya ko Shaka Bienvenue asanzwe akina mu gihugu ca Tunisia mu mugwi Etoile du Sahel , akaba yagize uruhara runini cane mugufasha umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’ abatarenza imyaka 20 kugira uronke itike yo kwitabira inkino za CAN U 20 aho yawutsindiye ibitsindo bitari bike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 897