BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ubwo Yann Santana ntiyabwira Sat-b?

Yann Santana ngo biracari kure nk’ukwezi, kugira abaririmvyi b’abarundi binjize amafaranga biciye muma Buzz baba bakoze.

Ivyo uwo mumenyeshamakuru akaba aheruka kubishikiriza ku rubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa, Santanna yavuze ko abaririmvyi b’ino misi bagize imisi biyorera amafaranga, kubera ama Buzz, ariko ngo abaho hambere batari bake, naho atatomoye neza ngo ntibakimenya neza, uko babitegura.

Santanna yavuze ko bari bakwiye kumenya ko Buzz kugira ikwinjirize ngo bisaba ko Uba wayiteguye igihe kitari gito, atanga akarorero ka Harmonize aheruka kugurira imodoka Yolo The Queen, ko wari umukenyuro wo kugira abashe kwigarurira isoko ryo mu Rwanda.

Naho atatomoye, Santanna ashobora kuba yarabisha iyo nkuru Kuri Sat-b, kuko ariwe yaheruka kuvugwa cane n’abatari bake, bamwe bakavuga ko uwo muririmvyi yiyibishije urubuga rwiwe rwa Facebook, kugira bikunde avugwe.

Yanditse agira ati :” Ndiko ndatahura ko kugira abaririmvyi bacu babashe kwinjiza amafaranga bivuye muma Buzz yabo, bizova kure. Buzz ubwayo yigwa na Management amezi kugira mu nyuma yinjize amafaranga. Ntibabashe, nta muririmvyi n’umwe agifise uburenganzira bwo kutubesha, canke gufata abafana biwe nk’ibijuju. Abaririmvyi benshi ntibakimenya uko bamenyekana mu banyagihugu. Kuko urungwanywe twaba Alvin Smith Drama t, D One, bariko barayayora aho baciye, Kandi bari maso. Ntugakore Buzz aho idakwiriye, ahubwo tegura cane iyo buzz.”

Yongerako ngo :” Harmonize kugira Aguirre iryo Ranger rover urya mukobwa w’umunyarwakazi, ntagiye kuvuga izina, vyabanje gutegurwa. Vyabanje gutegurwa kuko ashaka kwigarurira isoko ry’umuziki mu Rwanda. Ntugapfe gukora Buzz, nayahandi no mu myaka 10 iri imbere, umuziki w’uburundi ntuzoba uragira umu star wawo, hamwe na Identite yawo.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760