Entertainmenthomepagekirundimusic

Mbonyi yaruciye ararumira kuri wa mukobwa bamwagiriza 

Inyuma y’igihe kirekire Umuririmvyi aririmba Indirimbo zo guhimbaza Imana, Israel Mbonyi, asabwa kwerekana umukunzi, habonetse umukobwa bivugwa ko Ari umukunzi wiwe.

Uwo mwigeme yabonetse kw’ifoto zitari nke arikumwe na Mbonyi, ariko ntihagira irivugwa n’uwo muririmvyi kubw’iryo foto, canke ngo uwo mukobwa agire ico abivugako.

Naho habuze ico bavuga, ico bakora co nticabuze, kuko uwo mukobwa yahavuye amenyekana ko yitwa Jolie, hanamenyekana urubuga rwiwe rwa Instagram, abantu batangura kurukurikira.

Iyo ngendo yo gukurikira abantu, ikaba itashimwe na bose, kuko hampande yo gukurwako ama foto yose yariko nkuko bivugwa n’ikinyamakuru YegoB co mu gihugu c’Urwanda, ngo rwanagizwe Private.

Ku rubuga rwa Twitter, abatari bake bakaba bagirije umuririmvyi Mbonyi ko ariwe yoba yatumye uwo mukobwa kugira ase n’uwunyegeza ivyiwe, ariko kandi nawe nyene akaba ashobora kuba yabikoze kubera yamaze gusa n’uwumenyekana cane.

Ivy’uwu mukobwa bikaba bivuzwe inyuma yo kutoroherwa ku rubuga rwa X, kubera amajambo yanditse aho yagaruka ku bafasha ba kino gihe, abaza nimba bakirindira abagabo imbere y’uko bafungura, canke vyarahindutse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753