homepagekirundikirundi_Sports

Ndaye Chancel agiye kwekereza muri America

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Ndaye Chancel agiye kwerekeza muri reta zunzumwe za America inyuma yo kuva mu mugwi MFM Vyskov wo mu cicaro ca 3 mu gihugu ca Repubirika ya Tchèque .

Akaba agiye gukinira umugwi wa Las Vegas Lights Fc ukina mu cicaro ca kabiri muri Reta zunzubumwe za America.

Chancel Ndaye akaba amaze imisi ari hano mu Burundi akaba yari no mu bakinyi bakinye CECAFA Challenge Cup yabereye mu Buganda mu misi iheze.

Ni umwe mu bakinyi bavyifashemwo neza mu mahiganwa ya CAN U 20 y’umwaka wa 2018 yabereye muri Niger mbere yarigeze no gutorwa mu bakinyi 11 baranze iryo higanwa.

Akaba yarakiniye imigwi ya hano iwacu nka Tanganyika Fc , LLBS4A hamwe na Rukinzo Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871