homepagekirundikirundi_Sports

Umugwi Tp Mazembe ushobora kuza mu Burundi

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Kigarama 2019, niho umukuru w’inama nkenguzamateka hamwe n’uwurongoye umugwi Aigle noire hamwe na FFB Reveriyano Ndikuriyo yandika ku rubuga ngurukana bumenyi Facebook yiwe avuga y’uko yaronse akaryo ko kuganira n’uwusanzwe arongoye umugwi TP Mazembe Moise Katumbi baraba ingene uyo mugwi woshobora kuza mu Burundi ku musi mukuru wo kwugurura ikibuga ca Peace Park Complex kiri mu ntara ya Makamba.

Akaba yanditse ati :

“Muri FIFA CLUB WORLD CUP, naronse akaryo ko kuganira n’uwutwara umugwi TP Mazembe Moise Katumbi no kuraba ingene uyo mugwi ukomeye muri Africa woza i Makamba kw’isabukuru yo kwugurura ikibuga ca Peace Park Complex mu mwaka uza wa 2020”.

Akaba yibukije abantu y’uko uburongozi bw’umugwi Aigle Noir The Fighthers w’i Makamba y’uko bamaze kwegera n’abarongozi b’umugwi wa Simba Sc wo muri Tanzania kugira nabo nyene bashobore kwitabira iivyo birori kwugurura ico kibuga.

Peace Park Complex uzokwakira kandi inkino zimwe zimwe za CECAFA Men U 20 hamwe na Women U-17.

Mukamenya y’uko ico kibuga kimaze gutangura kwakira inkino za Primus league Burundi ariko kikaba kitarugururwa icese bivanye n’uko batararangiza kucubaka cose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871