africa newshomepagekirundi

Abadandaza umubiri bashobora kudasubira gukorwako

Getty’s image

Abadandaza umubiri bashobora kudasubira guhohoterwa n’abajejwe umutekano, inyuma yaho imwe mu ma sentare yo muri Abuja isabiye indishi y’akababaro abari bamaze imyaka 2 bafunzwe.

Aho bukera abakobwa badandaza umubiri muri Nigeria bashobora kudasubira gukomakomwa n’igipolisi, ivyo ngo bikaba bishoboka bifatiye Ku biheruka gushikirizwa n’ubutungane muri ico gihugu.

Muri ico gihugu abakobwa bagurisha imibiri yabo basabiwe indishi y’akababaro inyuma y’imyaka 2 bafunzwe bazira ako kazi kabo. Abo bakaba basabiwe indishi y’akababaro na sentare yo mu gace ka Abuja muri ico gihugu.

Iyo sentare ikaba yamenyesheje ko abo bakobwa bahohotewe kuko ata tegeko na rimwe barenze, bongerako ko ata tegeko rihari muri ico gihugu rihana abadandaza umubiri.

Abahinga baganiriye na BBC dukesha ino nkuru, bavuga ko ico gishobora gutuma hahinduka vyinshi muri ico gihugu gifise abanegihugu benshi muri Afrika.

Nayo ico gikorwa co gufata abadandaza umubiri, kikaba kidahengeshanya gukorwa mu bihugu bitari bike muri afrika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755