Burundihomepagekirundipolitics

#Ikiyago : Ibi nivyo umukuru w’igihugu asaba uwuzomukorera mu ngata yoshimikirako

Nk’uko yama abigira mu mpera y’umwaka, kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Kigarama umwaka w’2019, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yaramutse akoresheje ikiganiro abenegihugu hamwe n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa poritike Gitega.

Mu ndamutso yiwe, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashimiye ahanini Imana k’ukuntu yabaye umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abenegihugu agashobora kukiyobora mu mahoro n’umutekano, ivyari umuzi w’ibuye muri kahise k’Uburundi.

Yashimiye kandi abenegihugu bashoboye kumuyoboka muri iyi myaka icumi n’itanu amaze ayobora igihugu aho yabahaye amanota arenga mirongo icenda kw’ijana.

Muri iyo myaka icumi n’itanu ayoboye igihugu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashimira kandi abenegihugu k’ukuntu bitanze mu migambi y’iterambere gusumba mu myaka iheze, akabona ko mu gihe bobandanya kwitanga nk’ukwo ko mu myaka nk’itanu iri imbere canke irenga, Uburundi bwoba bugeze kure mu bijanye n’iterambere.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaboneyeho gusaba uwuzomukorera mu ngata ko yogerageza akazoshimikira ku benegihugu, ku butunzi hamwe no gukunda no kuzirikana igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764