Burundihomepagekirundipoliticspromoted

#Umwaka mushasha 2020 : Zimwe mu ngingo ziri mw’ijambo umukuru w’igihugu c’Uburundi yashikirije abarundi n’abakunzi b’Uburundi

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

Turasozereye umwaka w’2019, twinjiye mu mwaka mushasha w’2020. Imana Mushoboravyose yazigamye Uburundi n’Abarundi muri uyu mwaka turangije, ikatuja imbere mu migambi ihimbaye y’iterambere twaranguye, nihabwe icubahiro kandi yiganze mu Burundi.

Umwaka w’2020, ni umwaka udasanzwe mu buzima bw’igihugu c’Uburundi. Kukaba nkako, ni umwaka Abarundi tuzosubira kwitorera indongozi mu Nzego zitandukanye z’igihugu, mu matora tudakekeranya ko azoba meza cane, kandi y’intibagiranwa mu Mateka y’Uburundi.

Turararitse Abarundi bose bakwije ibisabwa n’amategeko kuyitaba atawusigaye inyuma, dutore nk’abitorera nk’uko Icivugo c’uyu mwaka mushasha kibishimangira kiti: “Twitorere indongozi n’imigambi nyayo, ni ryo terambere tunyotewe ridukomokako rikongera rikatugarukako”.

Turahojeje imiryango yabuze abayo kubera ibiza n’isibe vyateye mu mpera z’uwu mwaka urangiye, na cane mu makomine ya Mugina na Ntahangwa. Ntitwokwirengagiza gushimira abenegihugu babandanya kugaragaza umutima wo gushigikirana no gutabarana wamye uranga Abarundi.

Biragaragara ko Inyigisho zo kuzirikana igihugu zafashije abenegihugu gutegera akamaro ko kwitwararika cane umutekano, kugwiza umwimbu, kwijukira amakoperative gushika ku rwego rw’umutumba, kwitaho amagara yacu n’ibidukikije, no kurangura imigambi y’iterambere yisununuye; imigambi ishingiye kw’iyerekwa rya Seburundi ari ryo: “Iteka ry’Uburundi, n’abuzukuruza”. Abarundi barajijutse, baratahuye ko “Ak’imuhana kaza imvura ihise”; kandi ko “Amazi masabano atamara imvyiro”.

Kubera ko Umutekano mu Burundi wifashe neza, tuzobandanya ibikorwa vyo gufasha kugarukana umutekano aho hose uzoba wahungabanye, tubisabwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU canke Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika UA.

Kugira tubishikeko, tuzobandanya kwitwarararika Inzego zijejwe kwivuna abansi no gucungera umutekano, zibe koko inzego zikwije, zikomeye, zifise ubushobozi bwo guhangana n’uwo wese yohirahira akazihangara, Inzego zirangwa n’ubwenge, ubumenyi, ubuhinga n’ubukerebutsi kandi zijanye n’ibihe.

Hanze y’igihugu na ho, muri Sentare yo mu Muryango w’Ibihugu vyo muri Afirika y’Ubuseruko (EAC), Reta y’Uburundi yaratsinze urubanza rwemeza ko ukwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu mu mwaka w’2015 kwakurikije amategeko, iremeza kandi ko ihagarikwa ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amwe amwe ata tegeko na rimwe ryahonyanzwe.

Amahoro ntiyosasagara mu gihe Abantu borara batubitse umukanda. Nkako, “Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo”. Ni co gituma Reta yateguye imigambi yo kugwiza umwimbu kugira turwanye inzara. Muri iyo ntumbero, ihinguriro rishasha ry’intabire FOMI ririko rirakora bishimishije, rikaba ryahinguye amatoni arenga 54.000 y’intabire n’amatoni arenga 10.600 y’ishwagara. Reta ikaba yaraterereye kugira abenegihugu baronke intabire ku giciro kitavuna.

Mu bijanye n’ubworozi naho haratanzwe inka za kijambere 3.800, impene 38.376, ingurube 15.428, inkoko zirenga 80.000, n’ibindi. Igisata co kworora amafi kikaba na co nyene carateye imbere.

Mu bijanye n’ibiterwa njabukamazi, himbuwe amatoni 10.803 y’icayi, ayashika 10.366 aragurishwa amadorari 22.457.469. Himbuwe kandi amatoni 19.187 y’ikawa, hashorwamwo amatoni 18.332 ku madolari 47.433.656. Iki gisata kikaba kiriko kiranagurwa kugira umwimbu n’amahera mpuzamakungu vyiyongere kandi abarimyi b’ico giterwa baronke akarusho kisununuye ku mwimbu baba baronse kandi batarinze gutama.

Kugira abenegihugu boroherwe mu kurangura imigambi yabo, haratangujwe ibikorwa vyo kwubaka ingomero z’umuyagankuba ku nzuzi za Jiji-Mulembwe na Ruzibazi. Ibikorwa vyo kwubaka ingomero z’umuyagankuba za Mpanda, Kaburantwa, Ruzibazi na Kirasa; hamwe n’ingomero z’umuyagankuba mpuzakarere za Rusumo na Ruzizi ya gatatu, co kimwe n’Umuyagankuba ukomoka ku zuba, ku Mubuga bizobandanya.

Umuyagankuba dusanganywe warakwiragijwe mu micungararo y’igisagara ca Bujumbura nko mu Kiyange, Tenga, Gatunguru, Maramvya, Buterere, Kajaga na Gihanga. Umuyagankuba uzogenda wongerezwa no hagati mu gihugu, kugira ufashe abarangura ibikorwa bisaba umuyagankuba.

Igisata c’ubutare n’agataka carateye intambwe ishimishije cane. Umwimbu wiyongereye ku bice 32%. Nkako, mu gihe ico gisata cari cinjije amadorari y’Abanyamerika yababa imiriyoni 59 mu mwaka w’2018, mu mwaka w’2019 cinjije amadorari y’Abanyamerika yababa imiriyoni 78.

Iyindi nkuru nziza muri ico gisata ni uko Ubutare bwa Coltan n’ubutare buyiherekeza bwo muri Komine Marangara buzotangura kwimbwa mu mwaka buca dutangura, mu gihe ibikorwa vyo kumenya urugero rw’ubutare bubarizwa kuri Waga, Nyabikere na Mukanda bizosozerwa mu mwaka buca dutangura.

Igisata kijejwe amakori n’amatagisi kibandanya gitera imbere nk’umuzinga. Mu mwaka w’2019, ikigo OBR cari citeze gutororokanya amahera yababa imiriyaridi 808. Ayo mahera yararenze kure n’iyo, kuko hatororokanijwe ayarenga imiriyaridi 990. Tugereranije n’umwimbu wo mu mwaka w’2018, uno mwaka habonetse akarusho kababa imiriyaridi 153; ni ukuvuga hafi ibice 20% vyiyongereye.

Turashimiye Imana y’Uburundi yama iduha ibirengeye ivyo twayisavye, kandi turakeje abarongoye ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi, tutibagiye abakozi baco ku mwete n’ubwira badahengeshanya kugaragaza.

Mu bijanye n’indero, harabaye utwigoro twinshi two kugarukira indero n’inyigisho mw’ihangiro ryo kunagura indero kavukire ishingiye ku mico kama y’abarundi, inyigisho z’akanovera kandi zijanye n’ibihe. Ico gikorwa ciza kirabandanya. Dusavye Abarundi bose, ababa mu Burundi no hanze y’igihugu kugira rwabo ibibazo vy’indero n’inyigisho.

Muri uyu mwaka dutanguye, ivyo twimirije kurangura ni vyinshi:

• Mu ntango z’uno mwaka, abarimyi n’aborozi bahora batama mu kuronswa ingurane bagiye kwiruhutsa. Ibanki y’Uburimyi n’Ubworozi igiye gutangura ibikorwa, kandi Reta izoba iyifisemwo umutahe mu ntumbero yo guhagararira inyungu z’abenegihugu. Akarusho kazanywe n’iyo banki, ni inyungu zitavuna kubasaba ingurane ugereranije n’ayandi ma banki. Akandi karusho ni uko iyo banki itazosaba ingwati abarimyi n’aborozi nk’uko ayandi ma banki asanzwe abikora. Turakeje abagwizatunga bayiyumviriye, twongera dutera akamo abandi bagwizatunga ngo bahurumbire kurusha igisata c’uburimyi n’ubworozi wo mushinge w’iterambere.

• Tuzobandanya inyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu mu ntara zisigaye n’ibisata bitandukanye.

• Mu kwezi kwa Rusama Tuzokwitorera indongozi zacu;

• Tuzobandanya kwubaka ingomero z’umuyagankuba;

• Tuzonagura igisata c’ikawa, icayi n’ibindi biterwa njabukamazi;

• Tuzobandanya guhangana n’ihindagurika ry’ibihe mu gutera ibiti vyinshi mu gihugu cose no ku nkengera z’ibiyaga n’inzuzi muri wa mugambi ” Ewe Burundi Urambaye”;

• Tuzoshigikira amakoperative yo ku mitumba yose y’igihugu;

• Tuzobandanya kwigisha urwaruka kurwanya ubunebwe no gukingira imico kama yacu;

• Tuzorwanya twivuye inyuma urudandazwa rwo mu binywabi n’ingeso mbi y’igiturire no gusesagura itunga rusangi;

• Tuzocungera kurusha imbibe z’Uburundi twongere dukomeze imigenderanire no gufashanya.

• Tuzobandanya kwifatanya n’amakungu mu kurwanya imigwi y’iterabwoba.

• Tuzoshinga n’ibanki y’abakenyezi.

Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y’114 y’Ibwirizwa Shingiro, turagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe. Ikigongwe kuri abo bose tudondaguye cisunga uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.

Mu gusozera, Turasubiye kuremesha Abarundi n’amakungu ko amatora azogenda neza cane gusumba ayo tumaze gutunganya yose, Imana Mushoboravyose ni yo Cabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764