Burundihomepagekirundisecurity

Amafaranga ataramenyekana igitigiri yaraye yibwe

Amafaranga ataramenyekana igitigiri yaraye yibwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu  buca ari kuwagatandatu igenekerezo rya 3 Nzero 2020 muri komine Mukaza, zone Rohera muri karitiye Kabondo mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo bikaba vyabereye mu bunywero bita “Jauni” buri hafi y’ahakorera Fondation Ubuntu. Amakuru atangwa n’icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, gukinga no gutabara mu gihe c’isibe n’ibiza, avuga ko ari abantu bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa “Pistolet” basahuye umugore yari yasohokanye n’umugabo w’umuzungu.

Moïse Nkurunziza abandanya amenyesha ko abo bitwaje inkoho ngo bagiye bakomerekeje ku kuboko uwo mugore.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764