africa newsEast Africa Newshomepagekirundipolitics

Bobi Wine yasubiriye gutabwa muri yompi n’igipolisi

Mu gihe yashaka kubaza abanywanyi b’umugambwe wiwe ko bamushigikiye mu kwitoza mu matora Uganda yimirije mu mwaka wa 2021, Bobi Wine yaciye atabwa muri yompi.

Bobi Wine umunyepolitike atavuga rumwe na Leta ya Uganda kandi akaba n’umuririmvyi yasubiriye kandi gutabwa muri yompi n’igipolisi ca Uganda.

Uwo munyepolitike akaba yafashwe ariko ashaka gukoresha ikoraniro kuri uyu wa imbere igenekerezo rya 6 Nzero 2020, ngo asigurire abayoboke biwe imigabo n’imigambi yiwe mu gihe yitegurira amatora ya 2021.

Uwo muririmvyi akaba atari irya imbere ahagaritswe, kuko ibiteramo, amanama n’amakoraniro vyiwe badasiba kubihagarika muri ico gihugu.

Ariko naho biruko igipolisi co kimenyesha ko hari amategeko yarenze, ari naco gituma bamuhagaritse muri ivyo bikorwa vyiwe. Muvyashoboye gushikirizwa n’ikinyamakuru The Observer co muri Uganda nuko habuze utuzu twa sugwumwe (W.C) muri ico kibanza yashaka gukoreramwo iryo koranira, kandi ngo amakoraniro nkayo bayakorera mu nzu zugaye ngo bikunde ntibabuze abandi gukora.

Naho igipolisi co gishikiriza igituma bahagaritse iryo koraniro, Bobi Wine we avuga ko ibwirizwa nshingiro rimuha uburenganzira bwo kuzunguruka igihugu, ngo abaza abanywanyi biwe ko bashigikiye ko yitoza.

Muri ukwo kumufata rero ngo nticabaye igikorwa coroshe kuko habanje guterwa vya vyuka bikoroza amasozi, kandi n’amasasu menshi ngo akaba yarashwe hejuru. Muri kahise uwo mugabo akaba amaze gucika abapolisi baba baje kumufata, mbere n’ugupfa aramaze guhakwa kuhasiga ubuzima.

Aho kandi mukamenya ko muri ayo matora ariko yitegurira, azoyahuriramwo na Yoweri Museveni amaze imyaka 33 atwara ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755