africa newsAgriculturehomepagekirundi

Ngo hagiye gusabwa ko urudandazwa rw’urumogi rwemerwa

Umushikiranganji w’ikigega muri Leta ya Afrika y’epfo abona ko nabo bohamvya abandi mu kwemeza kudandaza urumogi, naho basanzwe bemera ko abantu barukoresha mu ngo zabo.

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta ya Afrika y’epfo yashikirije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko agiye gusaba mu nama y’abashikiranganji ko urudandazwa rw’urumogi rwokwemerwa muri ico gihugu.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe bitemewe kugurisha urumogi, ariko mu mwaka wa 2017 ico gihugu kikaba caremereye abenegihugu kurukoresha mu mihana iwabo, ariko apana kurugurisha.

Ivyo kandi uwo mutegetsi abishikirije mu gihe mu bihugu bari mu karere kamwe nka Lesotho abenegihugu barurimana n’ibindi biterwa mu ntumbero yo kurukoresha muhira co kimwe no kurushora hanze y’igihugu.

Nayo Zimbabwe kikaba caremeye ko hashobora kurimwa n’ukwimburwa kw’ico giterwa, kandi ko bashobora kurukoresha muvy’ubuvuzi hamwe no muvy’ubushakashatsi.

Zambia naco nticasigaye inyuma kuko naco cemeye gutunganya ico giterwa no kukidandaza hanze.

Aho ni mu gihe ibihugu bitari bike vyo muri Afrika birimwo Uburundi n’Urwanda bitemera kurima, kudandaza canke gukoresha urumogi kuko bifatwa nk’ikiyayuramutwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756