homepagekirundikirundi_Sports

Coach Aboubakar wa Dynamic ngo niwe yahora yereka Papy inzira zo gushika ku ntsinzi

Kuri uyu wa w’Imana igenekerezo rya 12 Nzero 2020 niho umugwi Dynamic Fc wahura n’umugwi wa LLB mu rukino rw’indwi ya 17 ry’ihiganwa rya Primus league Burundi rwari wabereye ku kibuga c’intwari isaha icumi z’umugoroba, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yompi inganije ibitsindo 2-2.

Mugihe umumenyereza wa LLB Papy Sadi yari yamaze gutangaza intsinzi imbere y’uko urwo rukino ruba aho yavuze y’uko vyanka bikunda ategerezwa gutsinda Burundi Sports Dynamic ariko munyuma vyahavuye bimutako kuwamazi abona kunganya n’uyo mugwi.

Urukino rurangiye twashoboye kwegera umumenyereza wa Burundi Sports Dynamic ariwe Nsabimana Aboubakar yahoze ari icegera ca Papy Sadi muri uwo mugwi muri kino gihe niwe ari umumenyereza mukuru w’uyo mugwi bivanye n’uko Papy Sadi yaciye asezera muri uyo mugwi kuva mu nkino zo gusubiriza, akaba yarashoboye gusigura icatumye yanse gutsindwa n’uwahoze ari umumenyereza mukuru wiwe.

Aboubakar akaba yavuze y’uko ukunganya kwiwe na LLB yavyakiriye nk’ibintu bisanzwe kuko Papy yari amaze kuvuga amajambo menshi mugabo ku mugwi nka Dynamic ntawo yari gushobora aranavuga y’uko ari nawe yereka Papy inzira zose kugira ashike ku ntsinzi mugihe bari bakiri kumwe muri Dynamic.

Akaba yagize ati :

“Kunganya kwanje navyakiriye nk’ibintu bisanzwe bivanye n’uko Papy yari amaze kuvuga amajambo menshi Dynamic ntayo yoshobora, inzira zose zo gutsinda ni jewe nazimwereka ubu niho agitanguye gukura rero”.

Abajijwe icokwemeza y’uko ariwe yereka izo inzira zo gushika ku ntsinzi Papy yaciye avuga y’uko bahaririye basubire babahe urundi rukino bakine aramutse amutsinze yoca ahagarika ibintu vy’ubumenyereza.

“Nije namwereka inzira ahaririye basubire baduhe urundi rukino niyaramuka antsinze nzoca mpagarika kubijanye n’ivyubumenyereza”

Abajijwe n’ubuhe butumwa yoha Coach Papy akaba yagize ati : “Ubutumwa nomuha nuko yoreka amajambo, urukino ni iminota 90 kirazira kuvuga y’uko aza gutsinda mugihe urukino rutararangira.

Uyo mumenyereza wa Burundi Sporrs Dynamic Aboubakar mu nkino zibiri amaze gukina amaze kuronka amanota 4.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871