Burundihomepagekirundikirundi_Sports

Papy Sadi aridogera umuhagarikizi yaraye ahaye penariti Dynamic

Mugihe yari yemereye abakunzi b’imugwi wa LLB ababwira y’uko vyanka bikunda ategerezwa gutsinda umugwi wa Burundi Sports Dynamic mu rukino rw’indwi ya 17 ya primus league rwaraye rubereye ku kibuga c’intwari kuri uyu wa w’Imana igenekerezo rya 12 Nzero 2020, Papy Sadi vyahavuye bimwankira y’uko atsinda Burundi Sports Dynamic yamara anganya n’uyo mugwi ibitsindo 2-2.

Inyuma y’urwo rukino umumenyereza wa LLB Papy Sadi yagaragaje akababaro kiwe mu kwidogera umuhagarikizi wo hagati bivanye na penariti yahaye umugwi wa Burundi Sports Dynamic hasigaye iminota 5 kugira urukino rurangire.

Ari kuri micro y’indundi Papy Sadi ubwa mbere yavuze y’uko yakiriye neza ivyamushikiye kandi ko adashobora kwidogera umuhagarikizi canke uwariwe wese kuko vyari ivyo Imana yari yabateguriye.

Akaba yagize ati :

“Nakiriye neza ukunganya na Dynamic kandi sinshobora kwidogera umuhagarikizi canke uwundi nivyo Imana yari yaduteguriye ntakundi inota rimwe siribi ariko nari nateguye y’uko nza gutsinda”.

Abajijwe ikintu coba catumye aronka inota rimwe mugihe yari yasezeraniye abakunzi ba LLB y’uko aza gutsinda Dynamic akaba yavuze ati : “umuhagarikizi nawe yakoze akazi kiwe reka turindire ico abandi bazobivugako ariko kuri jewe irya Penariti yatanze siyo”.

Abajijwe ikibazo kuvyo Aboubakar yavuze mu kuvuga y’uko inzira zose yacamwo ariwe yazimwereka, Papy Sadi akaba yishuye ati ” Imana imuhezagire” arangiza n’agatwengo.

Papy Sadi akaba atari ubwa mbere yemerera intsinzi yamara munyuma bikamuta kuwamazi. No mu rukino rwo gutangura rwa Primus league igihe yari akimenyereza umugwi Burundi Sports Dynamic uyo mumenyereza yaremanze y’uko azotsinda Vital’o Fc ariko munyuma ntivyahavuye bimukundira abona kunganya n’uyo mugwi 0-0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878