homepagekirundikirundi_Sports

Umumenyereza Karumba Jean Tygana yaraye ashinguranwe iteka

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 13 Nzero 2020 niho umuhisi Karumba Jean batazira Tygana yashinguranwa iteka mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda.

Karumba Jean Batazira Tygana akaba yitavye Imana ku musi wa gatatu w’indwi iheze igenekerezo rya 08 Nzero 2020 isaha icenda ahitanywe n’ingwara y’umutima nk’uko benshi babivuga.

Uyo muhisi yamenyereza Intamba mu rugamba zo kumusenyi akaba yitavye Imana amaze kwandikisha amateka i Dar es Salaam muri Tanzania mu gufasha intamba zo kumusenyi kurangiza ihiganwa rya Dar es Salaam Soccer Beach 2019 uri mu kibanza ca gatatu mbere akaba ari nawe yatowe nk’umumenyereza mwiza yaranze iryo higanwa.

Yamenyereje imigwi yo muri Academies les Messager kuva igishingwa mu kiringo c’imyaka 10, amenyereza Delta Star, Olympic Star, Arafat Fc ndetse aranajabuka kumenyereza muri Congo i Bukavu mu mugwi wa Muungano Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871