homepagekirundikirundi_Sports

Yussuf Nyange mu nzira yerekeza i Buraya

Biravugwa y’uko umwanya n’umwanya umukinyi wo hagati w’umugwi Aigle Noire The Fighters Ndayishimiye Yussuf Nyange ashobora kwerekeza ku mugabane wa Buraya mu mugwi utaramenyakana.

Ukutajana n’abandi muri Bangladesh biri mu bintu vyerekana y’uko uyo mukinyi ashobora gufata urugendo mu misi iri imbere.

Bikavugwa y’uko ashobora kwerekeza muri kimwe mu bihugu bitatu vy’i Burayi nka Tirikiya, Allemagne hamwe n’Ubufaransa.

Nyange akaba amaze kuja mu bihugu vy’i Buraya nka Tirikiya hamwe na Hollande ariko munyuma biranka ko Aigle Noire imurekura bivanye n’ukutumvikana mu mugwi uba wamwipfuje nk’uko bivugwa n’abari hafi y’umugwi Aigle Noire the Fighters.

Aramutse agiye hanze azoba ari umukinyi agira gatatu wa Aigle Noire The Fighters yerekeje hanze muri uno mwaka inyuma ya Mabano Shabani hamwe na Cedric Tity Mavugo bamaze kugurwa n’imigwi yo muri Tinisiya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871