Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Ugutegekanya niko gutegeka. Ntukinjire mu musi utategetse!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga mu buryo bw’impwemu barabitohoje basanga mu kanwa kawe hari inkomezi zikomeye cane. Urafise muri wewe inguvu z’ugutegeka ibintu bikagenda uko ubishaka. Muri izo nguvu rero , urafise ubushobozi bw’ugutegeka umusi imbere y’uko utangura mu kiringo uvyutse mu gatondo.

Abahinga batari bake banditse ibitabo barabigarukako. Mu kiringo rero uvyutse, harya mu mutwenzi izoba ritaraseruka, uraheza ukavyuka nyabuna ugategeka umusi uko utegerezwa kugenda. Ariko yamara mu kuwutegeka , biragusaba ko uba wawutegekanije. Noneho n’uwokwumviriza neza ikirundi cacu kirabivuga neza. Mw’ijambo ugutegekanya nta jambo ugutegeka wumva?

Abahinga rero baguhanura ko woheza ugategekanya umusi imbere y’uko uja kubika isoni, maze ukaba wahejeje kwandika uko ivyo uzokora , ivyo utegerezwa kurangiza ufatiye kuvyo wewe uha agaciro kurusha ibindi( priorité); ivyo navyo ukabitegekanya ufatiye ku ntego ushaka gushikako.( Objectif à court ou à long terme).

Mu kiringo rero wewe usinziriye ,abahinga baraheza bakamenyesha ko gahande kawe subconscient gaheza kagaca gasigara karabikorerako , kabitunganya mu kiringo ico gihande co mu bwonko cawe kijejwe kwiyumvira co kiba cahwamitswe n’agatiro.

Yamara, naho rero woba waraye ubitegekanije, uraheza nyabuna uvyutse kare ukanabitegeka, ugategeka ko uwo musi uza utegerezwa gukwirikiza ivyo wateguye. Ivyo biraheza bigatuma , imiyaga ikurwanya kumvo zino canke ziriya iheza igahwamikwa n’ayo mategeko yawe, cankwe mbere , n’ivyiyumviro wari waraye ugize kumbure vyari vyahuye n’isanganya ry’uguhitanwa n’ibinyoni biguruka canke vyari vyaguye kw’isi y’urutare biheza navyo bikaboneraho kudwiburuka gutyo bigafata inzira.

Hari ivyo tubona kandi mu buryo bw’impwemu bamenyesha y’uko ngo imbere n’uko utegeka umusi woheza ukabanza ugasoma izaburi 82 iri muri bibiriya ku bayemera. Ni ukuronderero hose ! Intumbero n’uko natwe dushika kw’isoko ry’iyo abandi badutanze bashitse eka mbere tukanaharenga gutyo maze vuba bwango natwe tuza turafungura amafi twirobere. Dufise ubwonko bumwe, twaremwe n’Imana imwe, dutegerezwa guca urwevu , maze mu myaka izoza nabo hazogire ivyo baza kwiga iwacu ni twamara kuba ba biswi vy’inobera.

UGUCA URWEVU NI WO MUTI WO NYENE!

Rwaruka , ngumirize!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765