Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’iki ikintu gikomeye Kidumu ahanura batoyi biwe mu muziki

Kubwa kidumu ngo igikuru ni akazi gusa ,nayo ngo uno mwaka yipfuza gusohora nka album zibiriri bishitse bigashoboka.

Kidumu aravunira akagohe abaririmvyi batoyi bafashe ingingo y’ukuririmba ngo gukora umuziki n’ubufindo bukomemenye cane inyuma y’ukuba uzi kuririmba hari vyinshi bikenerwa, ubanza gukora ukanegera abagukuriye bakakwereka bimwe muvyo bashoboye kubona mu rugendo rwabo ngo ntabwo arugusimbirako kurya uba wavyiyumviriye ugaca wibaza ko ngo uzoshika kuco wipfuza ariko akababwirako ubona inzira uba urimwo yo kwiyubakira izina atangorane uyibandanye wongera uza urahanuza abagukurira mu kazi.

Kubwiwe ngo umuziki  ni akazi kuko niwo unamutunze ugatunga n’umuryango wiwe ivyo akaba abivuze mugihe abandi muri kino gihe bashuhijwe imitwe nuwoba ari uwambere mu muziki ndundi ubu eka nabaronka bimwe bita ama Views menshi ku ndirimbo baba basohoye ngo kuriwe naho zoba ari umuriyoni urenga igikuru kuriwe n’uko abantu bokwumva ubutumwa abayatanze kuko aba ariyo ntsinzi ya mbere kuriwe.

Kidumu akaba anamenyesha ko ivyo yipfuza  gushikako muri uno mwaka wa 2020 aruko bikunze yokora inkwirikirane zibiri z’indirimbo (Album) uno mwanka  ngo naho vyoshika bikanka ngo urukwirikirane rumwe rworwo ararushaka vyanka bikunda  akaba yipfuza  ko ku kwezi ku kwezi azoza arasohora indirimbo nshasha uko ukwezi kuje.

Mwomenya ko ivyo abishikirije  mugihe asazwe ariko arafata amasanamu y’ururirimbo agiye kuzosohora muri kuno kwezi turimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769