Entertainmenthomepagekirundi

Rama Landry yamaze gusesekara i kampala aho ariko akora ibiteramo bitandkanye

Intambo y’umudengo,izwi kw’izina rya kizomba ndetse na Salsa nivyo vyamugize rurangiranwa aba bitumwako mu makungu, azira gusegerereza kuko uburyo bwabonye inzira bucamwo kugira bushike mu mufuka wiwe, uwo nawe akaba ari umusore akiri muto azwi kw’izina rya Rama Landry aho kuva mu mpera za Nzero yamaze gushika mu gisagara ca kampala hariya i Manamba.

Rama ati nta mutumwa yemerwa iwabo, agakangurira abarundi n’abanyarwanda baba mu gisagara ca kampala kuza kwirabira ndetse no kwifadikanya n’abanyamahanga ba kure bamaze kubona no gutahura ubushobozi buri muriwe, akanabizeza ko  ataco bazohomba ahubwo bazohungukira vyinshi.

Landry muri kino gihe afatwa nk’umwigisha mwiza  mu gutamba intambo y’umudengo izwi kw’izina rya kizomba muri kino gihe akaba ari bitumwako mu bihugu bibanyi nk’u Rwanda, u Buganda ndetse na Kenya.

None Rama yoba yabigenjeje gute kugira ntabe asegerereza nk’urundi runganwe muri kino gihe?

Vyose vyatanguranye n’umwaka wa 2009 aho u rwaruka rwari ruhukiye mu muhari w’aba Scout rwo ku Mutanga Sud mu murwi Saint Uriel rwiyungunganya mu gutegura igiteramo co kurondera amafaranga mu gihe c’ikiruhuko, nawe yaciye arondera ukuntu yotamba murico giteramo aho yatavye mu mukino myishi ariko umukino wamushitse ku mutima ikaba ari intambo z’ikiratini Salsa kuva ico gihe yaciye abifata nk ‘umwuga.

Urugamba ntirwamworoheye kuko yaciye mu ma Club atandukanyae ya hano mu gisagara ca bujumbura aho twovuga nko mu Ngangara Q7,la Novela Stella mu Gihosha,Buena salsa Fitness Factory, nizindi, ariko ntiyacitse intege yagumijeko gushika aho aba rurangiranwa abenshi baramuzi nko mu Gisagara ca Kigali barikumwe n’abitwa ba Mic,Grace n’abandi aho bafatwa nk’abigisha badasanzwe muri kino gihe.

Gushika ubu Rama akaba ata mezi atatu ahera adatumweko i Manamba guteramisha a Baganda n’abanyabahanga baba i Kampala.

Mu makuru yacu yo hanyuma tukazobabwira vyishi ku bijanye n’uwo muyabaga.

https://www.facebook.com/barikore.ramalandry/videos/1723797597757896/

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769